04/12/2025
"Nakuze nkina kandi mbona abantu bahuzwa bakanywanishwa n'urukino rw'umupira w'amaguru, ivyo rero vyatumye niyumvira gutunganya ihiganwa ryaho nakuriye mu ntumbero yo gusozera umwaka neza."
📌Vyashikirijwe na Apotre Simon Claude Nduwimana arongoye ishengero Shalom International Family mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuruyu wa kane, igenekerezo rya 04 Kigarama 2025 i Bujumbura.
🎤Yagize ati : "Navukiye mu Kinama, nakuriye mu Kamenge, nize mu Ngagara hama mu rwimo twaciye tuja mu Buterere......vyumvikana ko ama zones yo muri komine nayabayemwo ariyo mpamvu yatumye niyumvira gutegura ihiganwa ry'umupira w'amaguru."
"Imigwi 13 izoba iserukiye ama zones hamwe n'umugwi 1 w'ishengero rya Shalom International Family niyo izokina iryo higanwa. Ikindi nuko abakinyi bose bazoba bafise uburenganzira bwo gukinira zone basanzwe bavukamwo nubwo yoba akina mu Ntamba."
🏆Inyuma yiryo higanwa bakazotanga ubushimwe, aho umugwi wa mbere uzohabwa igikombe n'ibahasha ry'imiriyoni zitatu (3millions), uwa kabiri ahabwe ibahasha ry'imiriyoni zibiri (2millions), uwa gatatu ahabwe umuriyoni umwe n'igice (1.5millions) hanyuma uwa kane ahabwe umuriyoni (1million).