22/04/2026
📆 Kuri uwu wa gatatu, igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2026, ku kibuga c’inkino Ingoma kiri i Gitega, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ariko arongora ibirori vyo gutanguza ku mugaragaro umugambi wo kwigisha abenegihugu ivyerekeye amatora, mu kwitegurira amatora y’Umukuru w’Igihugu yo mu 2027.
✍️ Ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu ariko arashikiriza ijambo isinzi ry’abategetsi bakuru n’abandi banywanyi bakomeye b’igihugu bitavye ivyo birori.
Ivyo birori vyateguwe n’Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe Amatora (CENI), bikaba vyitabwe n’abagize Reta, abashingamateka n’abakenguzamateka, hamwe n’abarongoye inzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi. Harimwo kandi abaserukira imigambwe, amashirahamwe y’abanyagihugu, amashengero, abari mu nzego z'ubutungane, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
📸 RTNB
OG RJ.D