16/10/2026
🔥 WARAHEZAGIWE, NTAWUSHOBORA KUBIHINDURA! 🔥
📖 Guharūra 23:20 — «Ehe nahawe itegeko ryo guhezagira; yarahezagiye, nanje sinshobora kubihindura.»
Mu nkuru ya Balaki na Balamu, tubona ukuntu Balaki, umwami w’i Mowabu, yagize ubwoba bwinshi abonye Abisirayeli. Yari yarumvise ivyo Imana yari yarakoreye iryo hanga, aca atinya ko na bo boshobora gutsinda igihugu ciwe.
Ni co gituma yatumye abantu kuri Balamu, amusaba kuza kuvuma Abisirayeli kugira ngo ashobore kubatsinda.
Ariko Imana yabwiye Balamu ko atoshobora kuvuma Abisirayeli, kuko yari yarabahezagiye. Mu nyuma, igihe Balamu yaja kwa Balaki, Imana yamubwiye ko azovuga gusa amajambo izomushira mu kanwa.
Balaki yashaka ko Abisirayeli bavumwa, ariko Imana yari yarabahaye umuhezagiro. Ivyo Balaki yashaka ntivyashoboye guhindura umugambi w’Imana.
Ubutumwa ni ubu: Iyo Imana ikuhezagiye, ntukwiye kugira ubwoba bw’abantu bashaka kukugirira nabi.
Na twebwe mu buzima bwa misi yose, turashobora guhura n’abantu batanezererwa ivyiza Imana iriko iradukorera. Hari abaterwa n’ishari iyo babonye iterambere ryacu, imigisha yacu canke ukuntu Imana iriko iradufasha.
Hari n’aboshobora kurondera ubufasha mu bapfumu, bibaza ko bashobora kubuza ivyiza Imana itugenera gushika mu buzima bwacu.
Ariko rero, ntukemere ko ubwoba bw’abantu bugukurako amahoro. Guma wizigiye Imana, ugume usenga kandi ugume uyumvira.
Nk’uko Imana itaretse ngo umugambi wa Balaki wo kuvuma Abisirayeli uranguke, ni ko natwe dukwiye kuyizigira no kuguma tuyegereye mu bihe vyose.
Ntibisigura ko tutazohura n’ingorane, canke ko abantu bose bazotwipfuriza ivyiza. Ariko iyo tugumye mu Mana, turaronka inkomezi zo guhangana n’ibiduca intege, ntitwumvire ubwoba kandi ntitureke kwizera kwacu.
Rero, nimba hari abantu batanezererwa ivyiza Imana iriko iragukorera, ntutakaze umwanya wawe ubatinya. Guma ukora ivyiza, ugume wizigiye Imana, kuko umugambi wayo ari wo ukwiye kuguhumuriza.
🙏 Isengesho: Mwami Mana, ndagusavye ukomeze ukwizera kwanje. Undinde ubwoba, ishari ry’abandi n’ikintu cose coshobora kunca intege. Mfasha kuguma nkwizigiye no kugendera mu nzira zawe. Amen!
🔥 WARAHEZAGIWE! NTUREKE UBWOBA BW’ABANTU BUGUTWARA AMAHORO. GUMA WIZIGIYE IMANA!
📖 Soma inkuru yose muri Guharūra 22–24.
✍️ Nimba wizera Imana, andika uti: AMEN!
📲 Sangiza ubu butumwa n’abandi kugira ngo na bo bakomezwe mu kwizera.
PASTEUR SANDRA KEZAKIMANA
EXODUS MOUTAIN